Vibrant News
06/23/2026
🤭😳 🤭 Ibintu vy'umupira birimwo ibisigo 🤔... None tuvuge rero ko Ghana ikomeye gusumba Croatie ⁉️🤷🏽♂️
⚠️ 👉🏾 harabura iki ⁉️
06/23/2026
🇧🇮🇨🇩 Ubumwe n’Urukundo mu bikorwa vyiza!
✍🏿 Ku musi wa mbere w’urugendo arimwo muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo 🇨🇩, Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Angeline Ndayishimiye , yifadikanije na mugenzi we w’ico gihugu, Denise Nyakeru Tshisekedi , mu bikorwa vyiza vyo gushigikira abagendana ubumuga .
♿️🦽🦯 Muri ivyo bikorwa vy’ubuntu n’imbabazi, hatanzwe ibikoresho bitandukanye bifasha ubuzima bwa misi yose bw’abafise ubumuga , biciye mu migambi y’ishirahamwe Fondation LONA na Pesa Muninga Sourire .
Ibi bikorwa birerekana urukundo, ubumwe n’ukwitwararika abafise ivyo bakeneye mu kibano, bikongera bigashimangira ko iterambere rikenewe kuri bose.
🇧🇮✈️🇨🇩. Tubibutse ko Angeline Ndayishimiye yagiye muri uru rugendo aherekeje Umukuru w’Igihugu c’Uburundi rukaba ari urugendo rw’imisi ibiri muri RDC .
06/22/2026
🇦🇷🔥 MBEGA UMWAMI W’UMUPIRA W’AMAGURU! 🔥🇦🇷🤔
🐐⚽⚽ Umugwi nserukira gihugu wa Lionel Messi utsinze igihugu ca Autriche ibitsindo 2-0, vyose bitsinzwe n’uwo rurangiranwa nyene!
🏆 🇦🇷 Iyo ntsinzi itumye Argentine yinjira mu gice ca 1/16 c’Igikombe c’Isi n’akanyamuneza kenshi!
📊 Ibiharuro bitangaje vya Messi muri iri Higanwa ry’Igikombe c’Isi:
⚽ Ibitsindo 5 vyatsinzwe na Argentine ⚽ Ibitsindo 5 vyose vyatsinzwe na Messi .
🥅 Ibitsindo 18 amaze gutsinda mu mateka y’Igikombe c’Isi
👑 Afise imyaka 38 ariko abandanya gutangaza isi yose!
😍 🐐❤️ N’aho imyaka igenda yiyongera, Messi abandanya kwandika amateka mashasha no kwerekana ko ari umwe mu bakinyi bakomeye cane isi y’umupira ifise.
🙌 ⚽🌍✨ Abakunzi b’umupira kw’isi yose bariko barahagurukira rimwe bavuga bati: “Messi ntasanzwe, ni ikimenyetso c’amateka y’umupira!”
🤷🏽♂️ Kurundi ruhande Cristiano Ronaldo we akomeje kuhanyanyaza.
06/22/2026
🥹🇨🇻❤️ Umunyezamu w'umugwi nserukira gihugu wa Cap-Vert Vozinha, amaze gufasha igihugu ciwe kuronka inota rya kabiri mu mateka yaco mu Gikombe c'Isi, ntiyaciye yirukanga ku bagenzi biwe ngo banezeranwe.
😢🇨🇻❤️ Ahubwo yaciye araba mu bibanza vy'abafana, aho yari yabonye Mama wiwe Ana Cândida Évora ariko aramushigikira afise ibendera rinini rya Cap-Vert . Uwo mwanya wabaye uw'amarangamutima menshi, aho umwana n'umuvyeyi basangiye akanyamuneza kadasanzwe bari kure y'iwabo.
🙏🏾✈️🥹 Igitangaje kurushiriza n'uko iminsi mike imbere y'urwo rukino, Ana atari gushobora kuja muri Amerika kubera ikibazo c'ukubuzwa kwinjira (visa) n'ubushobozi buke bwo kwiyunguruza. Inkuru yiwe yarakwiragiye cane ku mbuga ngurukanabumenyi, abantu benshi baramufasha gushika aho aronka uruhusha rwihariye rwo kuja gushigikira umuhungu wiwe.
✨ ❤️🙌🏾 None amaherezo, amahirwe n'ibihe vyiza vyarahuye, nyina n'umuhungu bongera guhura muri uwo mwanya w'iteka, igihugu cose ca Cap-Vert kiranezerwa. Ni icerekana ko urukundo rw'umuvyeyi rutagira imbibe kandi ko inzozi zishobora gushika igihe cose.
🔥🤝🏾 Urukino rero rwahuza Cap-Vert na Uruguay rwarangiye ari ibitsindo 2-2.✊🏾
06/21/2026
🤭😳 Lamine Yamal Chef d'orchestre yatanguye ingeso y'ubukozi bw'ikibi mugikombe c'isi 🤔... Espagne yatsinze Arabia Saoudite ( 4-0 ) harimwo ica Chef d'orchestre 🔥
06/21/2026
🚑🇧🇫 Burkina Faso ikomeje gutera intambwe ikomeye mu gisata c’amagara y’abantu! 👏🏾
😲 Perezida wa Burkina Faso Capitaine Ibrahim Traoré n’ubutegetsi bwiwe barabandanya gushira imbere amagara y’abanyagihugu.
📅 🏥 Ku wa 20 Ruheshi 2026, Umushikiranganji wa mbere Rimtalba Jean Emmanuel Ouédraogo yuguruye ibigo 4 bishasha vya hémodialyse mu bisagara vya Banfora, Dori, Dédougou na Fada N’Gourma.
💉 Ivyo bigo vyubatswe ku mahera arenga umuliyaridi 1,2 y’amafaranga ya FCFA, bikazofasha abarwayi b’amafyigo kuburwa ibijanye na dialyse hafi yabo, ata ngorane zo kuja mu bisagara bikuru. 🙌🏾
📈🚑 Ivyo bizotuma igihugu gishobora gukora ibikorwa vya dialyse birenga 200.000 ku mwaka, vyongereko n'ibindi bishasha bigera ku 45.000 ku mwaka.
❤️ Leta kandi yarafashe ingingo zo gufasha abarwayi:
✅ Yakuyeho amafaranga y’ingwati ya 500.000 FCFA.
✅ Igiciro ca dialyse caragabanijwe kuva ku 15.000 FCFA gushika ku 2.500 FCFA gusa.
🏗️ Leta ya Burkina Faso na Ibrahim Traoré ntibagarukirije aho kuko hitezwe kwubakwa ibindi bigo 6 vya hémodialyse hamwe n’ibigo 2 binini cane mu minsi iri imbere.
👏🏾 Iyi ni intambwe ikomeye mu guteza imbere ubuvuzi no gufasha abarwaye indwara z’amafyigo kugira baronke ubufasha bwihuse kandi buzimbutse.
06/21/2026
🔥🚨 UBWOBA N'AKABABARO MW'I JABE INYUMA Y'UMURIRO WAHADUTSE! 🚨🔥
😢🏚️Abadandaza bo muri karitiye ya Jabe mu gisagara ca Bujumbura bavyukiye ku nkuru ibabaje inyuma y'aho umuriro ukomeye wadukiye ahadandarizwa imbaho hafi y'ishengero rya Vivante.
🔥💔Uwo muriro watanguye mu masaha y'igicugu, urarigita imbaho n'ibindi bintu vyinshi vyari bigize ubuzima bwa bamwe mu badandaza. N'aho igitigiri c'ivyononekaye kitaramenyekana neza, amakuru ava aho vyabereye yerekana ko hari igihombo kitari gito.
👮♂️🔍Kugeza ubu, igituma uwo muriro wadutse ntikiramenyekana, ariko hariko harakorwa amatohoza kugira hamenyekane icawuteje.
⚠️Iri si irya mbere ahadandarizwa imbaho hafatwa n'umuriro muri Bujumbura, kuko no mu minsi iheze ikibanza co ku kukabasazi ku Mutanga Nord na co nyene cari cahuye n'ikiza nk'ico haba umunyota.
📝⚖️Abadandaza benshi basigaye bibaza uko bokwikingira ibihombo nk'ibi, mu gihe hari n'abavuga ko amashirahamwe y'ubwishingizi akwiye kunoza uburyo afasha abahuye n'amasanganya aho kubasiga mu nzira ndende z'imanza.
🙏 Twifatanije n'abadandaza n'imiryango yose yahuye n'ibi bihombo, twizeye ko hagiye gufatwa ingingo zo kwirinda ko ibintu nk'ibi vyosubira kuba.
06/20/2026
💔🥺 UBUGENI BWARI BWARITEGEZWE N'ABENSHI BWAHAGAZE.
💍❤️ Hari hitezwe umunezero mwinshi kuri uno wa 20 Ruheshi 2026, aho Roger na Nadine bari bagiye kwambikana impeta maze bagatangura urugendo rw'urugo.
Ariko ibintu vyahavuye bifata iyindi ntera, ubugeni burahagarikwa ku munota wa nyuma, bitangaza abantu benshi. 😳
Amakuru yashizwe ahabona yerekana ko Roger yasavye abantu kudaha agaciro ubutumire bwari bwaratanzwe kuko urwo rubanza rutagikibaye.
📩❌ Ivyo vyaciye bituma abantu benshi batangura kwibaza igituma uwo mugambi wari umaze igihe utegurwa uhagarara giturumbuka. 🤔
🤰🏽Hari amakenga ariko aravugwa ko inyuma yo kurangiza ibikorwa vya état-civil, Roger yoba yaramenye amakuru mashasha yerekeye Nadine, harimwo n'ay'uko yoba afise imbanyi. Ariko rero, ayo makuru ni ibihuha biri mu bantu gusa kuko nta ruhande na rumwe rwigeze ruvyemeza ku mugaragaro.
⚠️💔😔 Kugeza ubu, ukuri kwose kuri inyuma y'ihagarikwa ry'ubu bugeni kuracarindiriwe, ariko ico abantu benshi bahurizako ni uko ari inkuru yababaje kandi yatunguye abatari bake.
06/17/2026
👏🏾🥹❤️ INKURU IKORA KU MUTIMA✊🏾
Mama wa Vozinha agiye kuja kumushigikira mu Gikombe c’Isi 🇨🇻🏆
Umunyezamu w’umurwi Nserukiragihugu w'igihugu wa Cap-Vert, Vozinha amaze iminsi akora ku mitima ya benshi inyuma y’aho aririye amarira menshi avuga ko Mama wiwe atashoboye kuja muri Amerika 🇺🇸 kumuraba akina kubera ingorane zijanye no kuronka Visa n’amahera yo kuyironka.
🙏🏾 Inyuma y’iyo nkuru yababaje benshi, habaye ugufashanya kudasanzwe hagati y’abategetsi ba Cap-Vert 🇨🇻 n’inzego zo muri Amerika kugira ivyangombwa vyose vyihutishwe kuboneka.
🥹 Ubu rero inkuru nziza n'uko Ana Cândida Évora, Mama wa Vozinha, ashobora kuja i Miami kumushigikira mu rukino rukomeye bazohuriramwo na Uruguay 🇺🇾.
❤️ Mbere na mbere, Mama wa Vozinha yari yavuze amajambo yakoze ku mitima ya benshi ati:
🗣️ "Nari navuze ko ata mupira n'umwe wari kwinjira mw'izamu ry'umuhungu wanje, kandi ni ko vyagenze. Ndishimira cane kuba ndi Mama wa Vozinha."
📌 Ubu rero inzozi z’umuvyeyi n’umwana zigiye gushika: kubona ari mu bibuga Mama wiwe amushigikira mu mwanya ushobora kuba uw’agaciro kanini kuruta iyindi yose mu buzima bwiwe bw’umupira w’amaguru.
👏🏾 Inkuru yerekana ko urukundo rw’umuvyeyi rudasanzwe kandi ko rimwe na rimwe umupira w’amaguru utanga ibihe vyiza biruta n’intsinzi ubwazo.
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Contact the business
Telephone
Website
Address
Moline, IL
61265