Burundi Bwacu
16/09/2023
Bararangisha uyu mwana ...
Twaronse ubutumwa butabariza uyu mwana, buvuga buti :
"Uyu mwana yitwa Selemani Tito. Asanzwe agwaye mu mutwe kandi ntavuga. Ni umukongomani. Yari yaje ino kwivuza kwa Legentil. Ku wagatandatu uheze, yari gusenga kw'ishengero ryitwa Roho wa Yesu. Ntitwamenye ingene yasohoste aca aragenda. None kugeza ubu twarondeye hose twamubuze. Bakiza bari bashikiye mu Kamenge, muri Mirango ya mbere, ibarabara ry'indwi, inomero zibiri (7/2). Turabasavye mudufashe kumurangisha."
Uwomubona yohamagara kuri 62 463 499.
16/09/2023
🔴 Ukuri ni ukuhe ku vyaraye bivuzwe bijanye n'umutekano kuri RTNB ?
Nkuko twabibemereye ejo haheze, inkuru ijanye n'umutekano kw'Iradiyo na Televiziyo vy'igihugu (RTNB) twaraye tuyitohoje. Twari twabasangije amakuru y'ikinyamakuru SOS Media Burundi yavuga ingene kuva ku wakane hongerejwe abasoda bacungera RTNB, hazanwa ibirwanisho bikomeye be n'imbwa zisaka.
🔴 Ikijanye n'imbwa zisaka.
Abo twabajije mu bahakora, batwishuye ko ata kintu kinini bari babiziko. Bavuze ko ku wagatanu mu gatondo batonze ku kazi basanga hari ivyahindutse bijanye n'umutekano wa RTNB, harimwo nk'ivyo vy'imbwa zisaka. Batubwiye ko inyuma y'umutaga atavyo basubiriye kubona, ibintu vyari bimeze uko vyahora.
Abagerageje kubaza mw'ikambi y'abasirikare bacungera Umukuru w'igihugu (BSPI) bishuwe ko BSPI iherutse kuronka izo mbwa zimenyereye gufasha mu matohoza, none bariko barimenyereza kuzikoresha. Kumbure niyo mpamvu zavuzwe ku kirimba Umukuru w'igihugu akoreramwo Ntare House hamwe no kuri RTNB. Kuri urwo ruhande, amatohoza yacu nta kidasanzwe yerekanye. Ariko abegereye kuri RTNB baremeza ko umutekano wa RTNB wongerejwe muri izi ndwi zibiri canke zitatu ziheze.
🔴 Impari zabaye n'ijoro hagati y'abasirikare bacungera RTNB.
Amatohoza yacu yerekanye ko ejo ku mugoroba (15.9.2023) hari ikibazo cadutse hagati y'abasirikare kuri RTNB. Mu gihe abasirikare bacunze kuri RTNB boba bari bahamaze umwanya muto, kandi bakaba basanzwe bahindurwa uko haciye ukwezi, ejo ku mugoroba harazanywe abandi basirikare kugombora abahasanzwe. Niho impari zaduka hagati y'abahasanzwe n'abari baje kubagombora. Abahasanzwe bararahiye gusohoka, bavuga ko bitumvikana ingene bashaka kubahindura kandi Umukuru w'Igihugu ari hanze y'igihugu. Abari baje kugombora abahasanzwe bahavuye basubira inyuma, abahahora barabandanya akazi.
Aha mwomenya ko ikambi icungera Umukuru w'Igihugu BSPI atari ikambi isanzwe nk'izindi. Iyo kambi ihabwa amategeko n'umukuru w'igihugu ubwiwe, mu gihe izindi kambi zikura amategeko ku mukuru w'igisirikare c'Uburundi. Ntawuzi iyo ico co kugomborana coba carazananye n'impamvu vyoba vyarateye amakenga abasanzwe ku kazi mu gihe abo bari baje n'abo basanzwe kuri RTNB bose begukira ikambi imwe BSPI. Impari ntizamaze umwanya munini.
🔴 Ibihuha bivuga umugambi wo gutembagaza ubutegetsi
N'ijoro, ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, abarundi barahanye ibihuha vyinshi cane birimwo n'impari. Ibihuha vyose bigaruka ku kutumvikana kuri mu bategetsi bo muri CNDD-FDD. Hari abavuga ubwoba buri mu bategetsi kugeza n'aho bamwe mu bashikiranganji batakizi ico bokora n'ico boreka kubera batinya gutukwa na Prezida Ndayishimiye hamwe bosanga bakoze ivyo adashaka. Hari abavuga imiliyoni zitanu z'amadolari umutegetsi wo hejuru cane yoba aherutse kuja kunyegeza mw'ibanki muri Kenya tudashimye kuvuga. Uyo mutegetsi wo hejuru cane aravugwa ko yoba ariko agerageza kujana ayandi mahera menshi mu kindi gihugu ca kure. Hari abagarutse cane ku ngendo z'umurengera z'umukuru w'igihugu n'umupfasoni wiwe mu mahanga. Benshi ntibumva nk'ingene Umukuru w'igihugu aja muri Cuba (10.9.2023) imisi itanu imbere y'uko inama imujanye itangura (15.9.2023). Babona ko ariko arasesagura ubutunzi bw'igihugu canke ko hariho ikintu kinyegeje kitavugwa ariko arakora. Hari abavuze cane ku mbonerakure zirungikwa gusaba ubuhungiro muri Congo (iyi nkuru tuzoyigarukako).
Ivyo bihuha vyose vyagumye bishimangira ukutumvikana kuri mu butegetsi, mbere bamwe bakibaza ko hoba hariho ibihangange bishaka gusenyura Evariste Ndayishimiye, abandi bakavyita urwenge rwa Neva kugira ahagarike ibihangange biriko biramupinga. Amakuru yo muri DD bisaba kuyitondera cane. Hari ibihuha ubutegetsi bwonyene bukwiragiza kugira busamaze abantu mu gihe buba buriko barategura ikindi kintu kibi. Hari ibindi bihuha biba ari ukuri ariko iyo bimenyekanye cane hakaba abaja hagati y'abategetsi bashamiranye bagasukamwo mabisi. Birasaba vyose kuvyitondera.
🔴 Ariko ico nemeza co nuko hamwe hobaho ibihangange bigerageza gutembagaza ubutegetsi muri kino gihe, bitoba bibikoze ku neza y'igihugu, ahubwo vyobikora kugira bikingire inyungu z'akarwi gato cane gasanzwe gafukamye mu nda Uburundi.
(Iyi foto ntabwo ari iyijanye n'ivyo tuvuze vyabaye ejo, ni ifoto yakera yitijwe mu guherekeza inkuru).
16/09/2023
Abanyagihugu ba Cameroun bemeza ko bafise Umukuru w'Igihugu wa mbere amara umwanya munini hanze y'igihugu.
Prezida Paul Biya wa Cameroun ari ku butegetsi kuva mu 1982. We nyene afise imyaka 90 y'amavuka. Umwanya utari muto mu mwaka awumara i Bulaya mu mahoteri azimvye cane. Bivugwa ko aba agiye kwivuza. Impunzi z'abanyakamerunu zarashizeho ubuhinga bwo gukurikirana indege ya Prezida wabo aho iba igeze hose kugira bame bazi izo ngendo za Paul Biya.
Mu gihe aba agarutse mu gihugu ciwe, abanyakameruni batebura ngo :
"Prezida Paul Biya ari mu rugendo rw'akazi muri Cameroun !"
(le Président Paul Biya est en visite de travail au Cameroun).
Ku bwabo, Prezida wabo aje mu gihugu aba afashe urugendo rw'akazi, kubera bafata ko yibera hanze.
mubona ni aka Prezida Paul Biya wa Cameroun n'umutambukanyi wiwe Chantal Biya.
Cliquez ici pour réclamer votre Listage Commercial.
Type
Site Web
Adresse
Paris