ALL PEACE
Gang star
Gang star by Yvan Chief king ft The Best star from Rumonge
26/05/2026
🐷🪔Amavuta y'ingurube, ari mu bituma yibeshaho agatunga umuryango.
🙋🏾♂️Ni Onexime Ndihukubwayo asanzwe ar'umuyangayanga w'inyama z'ingurube, asanzwe azihinguramwo amavuta, amavuta yitwa "Saindoux" akanayacuruza.
🗨️Nk'uko yabisiguriye ikinyamakuru Isanamu Media, ngo kuba yaraciye ku ntebe y'ishuri vyatumye agira ubushakashatsi, asanga igitungwa c'ingurube kirimwo ibintu vyinshi, niho yabona ingurube ishobora kuvamwo amavuta, bivuye ku gisato cayo.
📌Amaze kubona ayo mavuta, niho yagira ubushakashatsi aragendereza asanga ayo mavuta bayita "Saindoux" kandi atangorane atera mu mubiri kuko ata "Cholestérol” atera.
✍🏾Ayo mavuta ngo ntaco adakaranga,: Umuceri, ifiriti, Inyama n'ibindi..., kandi ngo abanyagihugu batari bake basigaye bayihereza, abatari bake barayamushorera, kandi kubera ayo mavuta biri mu bimusahiriza gutunga umuryango.
🗨️Onexime aha ubutumwa incabwenge rugira ubushakashatsi ko bokorerako amavuta ava mu ngurube, agahingurwamwo amavuta yo kwisiga canke imiti ishobora kuvura indwara zitandukanye.
Bakunzi ba Isanamu Media, har'ico mwari muzi ku mavuta y'ingurube Saindoux ?
Source Isanamu Media
.
Cliquez ici pour réclamer votre Listage Commercial.
Type
Adresse
Paris
PARIS