CNL Inyankamugayo
07/05/2024
Umurundi Irakoze Blaise yaraye atashe mu Burundi avuye mu Buganda, aca arahagarikwa n'iperereza ageze ku mupaka wa Kobero !
Uyu musore tubona kw'ifoto yitwa Irakoze Blaise. Ni umurundi yari amaze igihe arangurira imirimo yiwe mu gihugu c'Ubuganda, ahitwa Nakasongera. Niho yafata umugambi wo gusubira mu Burundi. Kubera ikimuranga cari carataye igihe, Blaise yaciye mu buserukizi bw'Uburundi i Kampala kurondera urupapuro atahirako bita "Go Home". Abiwe bavuga ko aho mu buserukizi bw'Uburundi, Blaise yabajijwe ibibazo vyinshi cane. Ariko akibaza ko ataco bitwaye mu gihe ataco yiyagiriza akaba atashe mu gihugu c'amavukiro.
Abiwe bavuga ko ku wagatandatu ku mugoroba (04.5.2024) Blaise Irakoze yuriye imodoka ya agence bita "Friends" kugira imushikane i Bujumbura. Yabaye acinjira ku mupaka w'Uburundi i Kobero ejo haheze, asanga abakozi b'iperereza baramurindiriye bafise n'ifoto yiwe. Ubwo nyene baca baracakira. Ababibobye nibo batabaje abaryango babamenyesha ibihejeje gushika. Blaise Irakoze yoba apfungiwe mw'iperereza i Muyinga.
Abiwe ntibazi ico Blaise Irakoze azira. Mu Buganda yari yagiyeyo gukora akazi, ntabwo we ari mu barundi bahunze kubera ibibazo vya politike. Nkuko muvyibuka, haraciye indwi zikeya, uwundi murundi yari amaze imyaka aba mu Rwanda no mu Buganda yaratashe nkuko nyene aca arahagarikwa n'iperereza rifatanije n'imbonerakure, amara indwi irenga atawuzi irengero ryiwe. Hano twagumye dusemerera gushika ararekurwa. Twasanze yari apfungiwe mw'iperereza mu gihe yaba uwutwara Imbonerakure i Muyinga, yaba uwutwara iperereza i Muyinga nyene, bose bari bahakanye ko atari bo bafashe uwo muntu.
Hoba harabwa iki kugira bamwe mu barundi batashe bace bafatwa ? Hoba hariho Abarundi basigaye binubwa n'igihugu cabo ? Mbe hoho ni kuki inzego zifata Abarundi batahutse zitaca zibimenyesha Imiryango yabo ?
Abaryango ba Blaise Irakoze barasaba ko uwabo atogirirwa nabi. Basaba ko nimba hari ico yiketsweko canke yagirizwa bokimenyeshwa, nimba hari ahasabwa umuco bakanafasha kuwutanga.
07/07/2023
Honorable Rwasa umukuru w'umugambwe w' Inyankamugayo za CNL aho uri hose yatahutse impore. Ibihuha muvyirinde
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Website
Address
Kayanza
1111