Wiznick Badman-Rasta

Wiznick Badman-Rasta

Share

Photos from Wiznick Badman-Rasta's post 22/02/2026

Welcome to kanairo , My G OG

🔴 AKAMUNA 

"Mu Burundi, uko umuntu yiga niko aba ikigugu ! (...) None ko mfise ibintu vyize vyinshi, ko ntabona iterambere ?"

- Prezida Evariste Ndayishimiye 

Iyi mvugo yo gutesha agaciro amashure irateye isoni kandi ntaho izotugeza. Ni imvugo yazananye na CNDD-FDD, aho abakuru bahawe n'ukurasa bagira isoni bageze imbere y'incabwenge, bakaca barondera kuzereka ko aribo bazirusha ubwenge. Prezida Nkurunziza niwe yatanguye avuga ko afise ba jenerali bize umwaka w'umunani, Reveriyano Ndikuriyo yavuze ko ibiharuro bidafata iswa, Ndayishimiye ati "ibidogiteri" nivyo bigugu !

🔴 Complexe d'infériorité !

Iyi mvugo ahanini yubakiye ku kwikengera kw'abatwara Uburundi. Bo nyene barazi neza ko incabwenge zikenewe cane mu gihugu. None si Ndayishimiye nyene yagenye Dogiteri Alain Ndikumana, umuhinga mu vy'ubutunzi, akamusaba kwandika imbonakazoza ya 2040-2060 ? Siwe nyene yahavuye amugira umushikiranganji w'ikigega ca Leta? None nimba abona ari ikijuju yamugenye kubera iki ? Evariste Ndayishimiye siwe nyene yagenye Dogiteri Désiré Manirakiza ngo arongore umugambi PAEEJ ? Nimba ari ikijuju yamugenye kubera iki ? Ndayishimiye siwe yama atumako Professeur Léonce Ndikumana, umuhinga mu vy'ubutunzi yigisha muri Kaminuza za Amerika, ngo aze gutangwa ivyigwa ku bategetsi b'Uburundi ? None atumako ikijuju ? Si Ndayishimiye yagenye Dogiteri François Havyarimana ngo abe umushikiranganji w'indero ? None yagenye ikijuju ?

Hano abahoze bagwana muri CNDD-FDD bakoresha iyi mvugo kugira basigure ko aribo baja imbere kandi batize. Baba bumva isoni bageze imbere y'ivyo bihangange mu mashure, ariko bitagira inguvu, bakaca bahitamwo kubatesha agaciro.

Iyi mvugo abajenerari ba CNDD-FDD bahoze bayikoresha cane mu gutyoza Dr. Gervais Rufyikiri akiri Icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu na Dr. Pie Ntavyohanyuma agitwara Inama Nshingamateka. Naho izo ncabwenge zari abanywanyi bakomeye ba CNDD-FDD, abajenerari ntibashobora gutahura impanuro n'ubwitonzi vyava muri izo ncabwenge. Niho hava gushira imbere kubasuzuguza.

🔴 Kuba umuntu yitwa "Dogiteri" ntibisigura ko aca afyatura iterambere !

Dogiteri afise igisata yize visa, ubumenyi afise burafise uko bukoreshwa mu gihugu gitunganije neza. Iyo Igihugu gitwarwa n'abatize, haba ingorane y'ingene bakoresha neza abo badogiteri. Iyo incabwenge zitanze ivyiyumviro mu ntwaro y'abatize, abatwara bumva ko basuzuguwe canke ko bariko barabapinga. Niho ibintu bipfira. Incabwenge nyinshi zihitamwo kwinumira, mbere zikanduruka zigira hanze, aho bazi akamaro kazo.

🔴 Imvugo mbi cane 

Iyi mvugo ya Prezida Ndayishimiye ni mbi cane. We nyene atabizi, aba ariko aritesha agaciro. Kuko aba avuze ko vyamunaniye kumenya akamaro k'incabwenge no kumenya kuzikoresha zikagira akamaro.

Ndayishimiye ararenza urugero kugeza incabwenge azambura ubuntu akazigira ibintu ngo : "ibidogiteri", ahandi ngo "mfise ibintu"... 

Hano Umukuru w'igihugu aba ariko araroga abana. None umwana ahejeje kwumva iri jambo, yokwipfuza gute kwiga ? Yokwipfuza gute kuba Dogiteri ? Basa baca barota kuja mw'ikarashishi y'ibiswi vy'inkona kwa Reveriyano Ndikuriyo ! Uku niko kwica igihugu ku rugero rudasanzwe. 20/02/2026

Niko Tubayeho

🔴 AKAMUNA "Mu Burundi, uko umuntu yiga niko aba ikigugu ! (...) None ko mfise ibintu vyize vyinshi, ko ntabona iterambere ?" - Prezida Evariste Ndayishimiye Iyi mvugo yo gutesha agaciro amashure irateye isoni kandi ntaho izotugeza. Ni imvugo yazananye na CNDD-FDD, aho abakuru bahawe n'ukurasa bagira isoni bageze imbere y'incabwenge, bakaca barondera kuzereka ko aribo bazirusha ubwenge. Prezida Nkurunziza niwe yatanguye avuga ko afise ba jenerali bize umwaka w'umunani, Reveriyano Ndikuriyo yavuze ko ibiharuro bidafata iswa, Ndayishimiye ati "ibidogiteri" nivyo bigugu ! 🔴 Complexe d'infériorité ! Iyi mvugo ahanini yubakiye ku kwikengera kw'abatwara Uburundi. Bo nyene barazi neza ko incabwenge zikenewe cane mu gihugu. None si Ndayishimiye nyene yagenye Dogiteri Alain Ndikumana, umuhinga mu vy'ubutunzi, akamusaba kwandika imbonakazoza ya 2040-2060 ? Siwe nyene yahavuye amugira umushikiranganji w'ikigega ca Leta? None nimba abona ari ikijuju yamugenye kubera iki ? Evariste Ndayishimiye siwe nyene yagenye Dogiteri Désiré Manirakiza ngo arongore umugambi PAEEJ ? Nimba ari ikijuju yamugenye kubera iki ? Ndayishimiye siwe yama atumako Professeur Léonce Ndikumana, umuhinga mu vy'ubutunzi yigisha muri Kaminuza za Amerika, ngo aze gutangwa ivyigwa ku bategetsi b'Uburundi ? None atumako ikijuju ? Si Ndayishimiye yagenye Dogiteri François Havyarimana ngo abe umushikiranganji w'indero ? None yagenye ikijuju ? Hano abahoze bagwana muri CNDD-FDD bakoresha iyi mvugo kugira basigure ko aribo baja imbere kandi batize. Baba bumva isoni bageze imbere y'ivyo bihangange mu mashure, ariko bitagira inguvu, bakaca bahitamwo kubatesha agaciro. Iyi mvugo abajenerari ba CNDD-FDD bahoze bayikoresha cane mu gutyoza Dr. Gervais Rufyikiri akiri Icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu na Dr. Pie Ntavyohanyuma agitwara Inama Nshingamateka. Naho izo ncabwenge zari abanywanyi bakomeye ba CNDD-FDD, abajenerari ntibashobora gutahura impanuro n'ubwitonzi vyava muri izo ncabwenge. Niho hava gushira imbere kubasuzuguza. 🔴 Kuba umuntu yitwa "Dogiteri" ntibisigura ko aca afyatura iterambere ! Dogiteri afise igisata yize visa, ubumenyi afise burafise uko bukoreshwa mu gihugu gitunganije neza. Iyo Igihugu gitwarwa n'abatize, haba ingorane y'ingene bakoresha neza abo badogiteri. Iyo incabwenge zitanze ivyiyumviro mu ntwaro y'abatize, abatwara bumva ko basuzuguwe canke ko bariko barabapinga. Niho ibintu bipfira. Incabwenge nyinshi zihitamwo kwinumira, mbere zikanduruka zigira hanze, aho bazi akamaro kazo. 🔴 Imvugo mbi cane Iyi mvugo ya Prezida Ndayishimiye ni mbi cane. We nyene atabizi, aba ariko aritesha agaciro. Kuko aba avuze ko vyamunaniye kumenya akamaro k'incabwenge no kumenya kuzikoresha zikagira akamaro. Ndayishimiye ararenza urugero kugeza incabwenge azambura ubuntu akazigira ibintu ngo : "ibidogiteri", ahandi ngo "mfise ibintu"... Hano Umukuru w'igihugu aba ariko araroga abana. None umwana ahejeje kwumva iri jambo, yokwipfuza gute kwiga ? Yokwipfuza gute kuba Dogiteri ? Basa baca barota kuja mw'ikarashishi y'ibiswi vy'inkona kwa Reveriyano Ndikuriyo ! Uku niko kwica igihugu ku rugero rudasanzwe.

Photos from Wiznick Badman-Rasta's post 03/02/2026

Vraiment , Je suis ROI
Abambazi ×ABAMBITSI
Oooh my designed

Want your public figure to be the top-listed Public Figure in Nairobi?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Website

Address

Nairobi