GOD'S KINGDOM
17/06/2026
Uhoraho yama ari umwizigirwa ibihe vyose
Ijambo ry'umusi
_________________
K*k' Uhoraho ari mwiza, imbabazi ziwe zihorah' ibihe bidashira,
Kand' ahora ar' umwizigirwa no gush*tsa ibihe vyose.
Zaburi 100:5
Imana ni umwizigirwa iyo duhaze n'iyo dushonje,
Ni umwizigirwa iyo tunezerewe n'igihe tubabaye,
N'umwizigirwa iyo twuzuye Mpwemu Yera kandi niyo tubaye abanyavyaha, yoyo ihora ariyo kwizigirwa ibihe vyose.
Ubwizigirwa n'imbabazi zayo vyamaho ibihe bidashira,
Haluluya!
Hahandi twebwe tuba tunaniwe, dufise n'ubunebwe bwo gusenga, niho itwerekera urukundo rwayo❤️
Umunezero dufise mu Mwami ntukwiye gufatana n'ibihe turiko ducamwo:
15/06/2026
Ijambo ry'umusi
--------------------------
None rer' Imana mwoyigereranya na nde, canke mwoyishushanya n'ishusho ki?
Yesaya 40:18
>>>Imana yacu ntakintu nta kimwe twoyigereranya naco nta gihari kandi ntikizokwigera kibaho canke nticigeze kibaho .
Ico dukwiye kumenya nuko mu bwigenge bwayo ikora ibintu uko ishaka nico gituma tudakwiye kuyibaza ngo kuberi wabikoze uku .
Kandi ntashusho nimwe tworonka twoyigereranya ntayo gusa ico tuzi tudakekeranya n'uko
" Imana ni Mpwemu, kand' abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.
Yohana 4:24".
Ikindi n'Imana yuzuye Ubuntu bwinshi n'urukundo rwinshi ikirenze kur'ivyo n'uko mu bu Mana bwayo yikwije .
Yesaya muri iki gice aragerageza kutwereka ububasha bw'Imana uko buntangaje ni ngene ar'ubwagahebuza .
Ivyo bituzana ahantu ho kubona ko Imana twize ikomeye cane gusumba ntivyo ushobora kubana ko bikomeye kubizirikana bituma dushikama igihe cose .
13/06/2026
Ijambo ry’Umunsi
----------------‐-------‐---
Amahoro.
Buri munsi, tuvyuka mugitondo tugashima Imana kitwongeye undi munsi turibazima, hama tukaja kumirimo.
Ico buri muntu wese akeneye ni amahoro. Ahari amahoro, urukundo ruranganza, ubwoba ntibuhabarizwa, ikibi ntikiganza ndetse ubumwe burakomera n’ingeso nziza bikarwira.
Mbega nawe woba warigeze kuvyiyumvira nkuko nanje niyumvira?
🎯Kera nibwira ko umuntu afise akazi niwe afise amahoro! Ariko sivyo
🎯kera narinzi ko umuntu iyo atunze niho agira amahoro! Ariko sivyo
🎯 nibwira ko umuntu afite umuduga niwe afise amahoro! Ariko sivyo
🎯 Nibaza ko umuntu yize amashure menshi niwe afise amahoro! Ariko sivyo
Ariko noneho ayamahoro turondera m’ubutunzi, mumashure menshi, mukuba rurangiranwa n’ibindi koko twoyaronka?
Isi irayatanga?
Inyishu ni oya! Burya ivyo twebwe tubona tukibwira kumuntu, sivyo koko aba abayemwo. Bibiliya itubwira ngo Abe aritwebwe twisuzuma kuko buri muntu afite icarwana naco mubwihisho.
Mbe nawe woba warigeze kurondera ayomahoro? Canke nubu uracayarondera?
Ntakintu nakimwe ukenye kugira ugire amahoro. Ariko urakeneye Kristo kuko niwe soko y’amahoro. Gucika icaremwe gishasha biciye muri Kristo ntibidushira kure y’ibigeragezo n’ibindi vyago ariko murivyo naho tugumana ubushizi bwamanga kuko muri vyose :
" Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka."
Urufunguruzo : nuko muri vyose tumenyesha Uhoraho :
_ Mugusenga
_ Mukwinginga
_ Nogukenguruka
Ibi bimaze gucika ubuzima bwacu : "Maz' amahoro y'Imana aruta uko yomenywa n'umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n'ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu."
Kristo nirwo rufunguruzo🙏🏻
_____________________________
Mbega wareguriye ubuzima bwawe Kristo Yesu?
Urifuza kwegurira ubuzima bwawe Kristo Yesu?
Urakeneye ubundi bufasha?
Twakure tugufashe :+25762912065
+25767708309
Cliquez ici pour réclamer votre Listage Commercial.
Type
Contacter la personnalité publique
Téléphone
Adresse
Lille
59650