DLM +61
12/06/2026
Mu nkino 104 z'igikombe c'isi RTNB ifise uburenganzira bwo kwerekana inkino 34, ku mashusho yo kurundi rwego kuri Canal+
Mu gihe kuva kuri uyu 11 Ruheshi isi yose izoba kuba ihanze amaso inkino z'igikombe c'isi, iradiyo n'imboneshakure y'Uburundi RTNB, ari nayo rudende izokwerekana izo nkino, ngo ntiyaronse uburenganzira bwo kwerekana inkino zose.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa 11 Ruheshi, Innocent Niyonkuru, umuyobozi w'ubuhinga muri RTNB, yamenyesheje ko imboneshakure y'Uburundi itaronse uruhusha rwo kwerekana inkino zose. Yemerewe inkino 34 gusa.
Akabirya, ngo RTNB igiye kuza kumashusho yo ku rundi rwego kuri Canal+ nk'uko vyemezwa na Mamy Razafimaharo aserukira Canal+ mu Burundi.
Canal+ na RTNB bemeranije ko amashusho ya RTNB ajako akabirya mu kubona neza. Yavuye kuri "qualité ya Standard definition" aja kuri "high definition".
Hampande y'ivyo, Canal+ yahisemwo kwegereza abarundi ama chaîne yabo, kugira ntibibagore kurondeza mu gukurikirana imboneshakure zo mu Burundi.
RTNB bayishize kuri chaine ya mbere, Buja TV bayishira kuri chaine ya kabiri nayo Heritage TV bayishira kuri chaine ya gatatu.
Mwomenya ko urukino rwo kwugurura hagati ya Mexique na Afrika y'epfo ruza kwerekanwa ikibiriraho isaha zitatu z'ijoro.
+61
Click here to claim your Sponsored Listing.